
CEREZA by DUDU & G S CREW (official video lyrics)
CEREZA by DUDU & G.S.CREW
Hey friends, as promised this is the single. Be abundantly blessed.
Abigishwa ba Yesu igihe bari kumwe nawe mu bwato hagati mu gihuhusi bibaza ngo bagira bapfe kuko Yesu yarasinziriye. Hari igihe duca mu bintu, haba mu buzima, mukazi, mu muryango eka mbere no mu gihugu, ukamenga Imana ntibibona canke ukamenga Umwami Yesu arasinziriye. Ukamenga ntanakimwe abona canke ntashaka kwishura.
Ariko ikintu kimwe gikomeye nuko, uko bimeze kose, Umwami Yesu "ARI" mu bwato ncuti zanje!!! Kandi naho bisa nabi ngaho hanze, nukuri ntacoshobora kubika ubwato burimwo umukiza w'ubugingo. Ubwato ngaha bwogereranywa n'ubuzima bwawe, akazi kawe, umuryango wawe, eka mbere no mw'ishengero ryawe canke mu gihugu.
Nimba Umwami Yesu arimwo, ntanakimwe gishobora kubika ubwo bwato! Yesu yaravuze ngo "Muri iyi si muzohabonera amakuba, ariko muhumere kuko naraneshejeje" Jhn 16:33. Muri zaburi 121 naho hakavuga ngo "Ukuzigama ntahunyiza, ndetse, ntakubita n'urugohe."
Ahubwo umve ikibazo aho kiri: Mbega Uramaze kumutumira mu BWATO bwawe? Canke ni wewe ukibutegeka? Canke nimba waramutumiyemwo, waramuhebeye vyose? Canke wamuhaye bimwe bimwe? Kuko Yesu atakubereye umwami, ntashobora kukubera umukiza!!! Kugira ngo akubere umukiza abwirizwa kubanza gufata ikibanza ciwe, mu buzima bwawe. Nimba utaramutumiramwo, uyu munsi ntugucike, ukririko urumviriza ino ndirimbo, Umuhamagare yinjire. Niwe avuga ngo: "Ehe ndi kurugi ndakomanga, uwumva ijwi ryanje akugurura ndinjira dusangire". Apo 3:20
Bless you friends.
D.T.N
DOWNLOAD HERE
soundcloud.com/dudutniyukuri/cereza
コメント